Uko wahagera

Abasaba ko Trump Akurwa ku Butegetsi Bagabanuye Akariro


Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika.
Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Amahirwe ku bashingamateka b’abademokrate yo gukura perezida Donald Trump asa n’ayagabanutse, inyuma y’aho umushikirizamanza adasanzwe Robert Mueller ata vyagiriji bikomeye yegetse kur’iyo ndongozi y’Amerika mu masaha yamaze yishura ibibazo vyabo ku musi wa gatatu.

Umukuru w’umurwi w’abashingamateka bakurikirana ivy’iperereza, Adam Schiff, yashikirije ejo kuwa kane ko uburyo bwonyene bwo gukura Trump ku butegetsi ari mu matora yo mu mwaka uza wa 2020, igihe azoba ariko ararondera manda ya kabiri y’iyindi myaka ine.

Schiff yahamagariye abademokrate bagenzi we kuzoja gutora ari benshi bakure umurepublikani Trump biciye mu matora.

Umukuru w’abashingamateka bakurikirana ibibazo vy’ubutunagen, Jerrold Nadler, we yasavye ko hotangura intambwe zo kumukura ku butegetsi. Ariko umudemokrate arongoye inama nshingamateka, Nancy Pelosi ntashigikiye iyo ngingo, afise amakenga ko ishobora kubagirako ingaruka mbi za poritike, ariko ashira imbere ko amatohoza yobandanya kugira haboneke ivyemezo bihagije.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG