Uko wahagera

USA: Abashingamateka Babangiriye Gukura Perezida Trump


Abugaragamvya hanze y'i Hoteli ya Trump basaba ko avanwa ku butegetsi, itariki 2/7/2017 i New York.

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, inama nshingamateka yiganjemwo abademokrate yanse kwemeza integuro y’itegeko ryari rigamije gutanguza umugambi wo gukura perezida Donald Trump ku butegetsi.

Iyo nteguro y’itegeko yari yateguwe n’umushingamateka Al Green wo muri reta ya Texas, naho umukuru w’inama nshingamateka Nancy Pelosi hamwe n’abandi bademokrate bashira imbere ko amatohoza ku ruhara Trump yoba yaragize mu gukorana n’Uburusiya ariyo yoshirwa imbere kugira hafatwe ingingo yo kumukura ku butegetsi.

Trump yavuze ko guharira ku kumukura ku butegetsi ari ugutakaza umwanya, avuga kandi ko ata wundi muperezida w’Amerika akwiye kuzobikorerwa.

Nta kibuza ko uwuvyipfuza mu nama nshingamateka yokwongera kuvyura iyo nteguro y’itegeko muri kazoza.

Umushikirizamanza adasanzwe Robert Mueller ategekanijwe kwishura ibibazo vy’abashingamateka mu ndwi iza, ku matohoza yakoze yamaze amezi 22, kur’ivyo vyagirijwe Trump.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG