Uko wahagera

Perezida Trump Yifatiye mu Gahanga Abademokrate


Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, aganira n'abanyamakuru, ashitse avuye New York, Itariki 26/09/2019
Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, aganira n'abanyamakuru, ashitse avuye New York, Itariki 26/09/2019

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yifatiye mu gahanga abashingamateka b’abademokrate hamwe n’ibinyamakuru yongera ashavurira abategetsi bo muri reta yiwe bafashije uwashize ahabona ivyo yakoze vyo gukoresha ububasha nk’umukuru w’igihugu ku nyungu ziwe bwite, kugira azotahukane intsinzi mu matora.

Ni mu gihe umukuru w’inama nshingamateka, Nancy Pelosi yuguruje ku mugaragaro amatohoza ku vyaha Donald Trump akekwako, vyotuma aregwa, akaburana, yagiriwe n’ivyaha agakurwa ku butegetsi, Impeachment mu congereza.

Trump yagarutse i Washington ejo kuwa kane inyuma y’imisi ari i New York mu nama ya buri mwaka ihuza ibihugu bigize ONU.

Yatahutse ku musi nyene komite y’inama nshingamateka ikurikirana ivy’iperereza iriko irabaza umuyobozi w’ikigo kijejwe iperereza muri Amerika ku catumye reta iteba kurungikira kongere ivyavuzwe n’uwashize ahabona ivyakozwe na Trump.

Trump yagirizwa ko mu kwezi kwa ndi itariki 25 guterefonye perezida wa Ukraine amusaba gutohoza ku wahoze ari visi perezida Joe Biden n’umuhungu wiwe, kugira bimwononera gutsinda amatora yo mu 2020.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG