Uko wahagera

Avoka wa Trump Yasabwe Gutanga Inzandiko Zerekeye Ukraine


Rudy Giuliani, Umushingwamanza wa perezida Donald Trump mu biro kwa perezida White House i Washington.

Abademokrate mu nama nshingamateka, umutwe w’abadepite basohoye urwandiko rutegeka umushingwamanza wa perezida Donald Trump, Rudy Giuliani, gutanga inyandiko zerekeye igihugu ca Ukraine. Ni mu gihe bakibandanya iperereza ku vyaha perezida akekwako, vyotuma aregwa, akaburana, yagiwe n’ivyaha agakurwa ku butegetsi.

Komisiyo zitatu z’inama nshingamateka, iyikurikirana ivy’iperereza, Iy’imigenderanire mpuzamakungu n’iyo kugenzura ibikorwa vya reta zatangaje iyo ngingo kuri uyu wa mbere. Basavye kandi amakuru ku bantu batatu bakorana na Giuliani.

Perezida Trump yagirizwa ko yaganiriye na perezida wa Ukraine kuri telefone amusaba kumufasha mu kurondera no gushira ahabona amakuru yegekako ivyaha Joe Biden yahoze ari visi prezida wa Amerika hamwe n’umuhungu wiwe Hunter Biden.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG