Uko wahagera

Abasirikare 3 b'Amerika Bakomerekejwe Barashwe muri Afuganistani


Ibiduga vya gisirikare kw'ibarabara ry'i Kandahar muri Afuganistani.
Ibiduga vya gisirikare kw'ibarabara ry'i Kandahar muri Afuganistani.

Abasirikare batatu ba Reta zunze ubumwe z’Amerika barakomerekejwe n’igitero cakozwe n’abo bafadikanije imirimo ku musi wa mbere mu ntara ya Kandahar muri Afuganistani.

Umuvugizi w’igisirikare c’Amerika muri Afuganistani, Col. Sonny Leggett, yavuze ko umuporisi wa Afuganistani yarashe imiduka ya gisirikare yariko iragenda, kandi ko abo basirikare bakomeretse ku buryo ubuzima bwabo butabangamiwe. Yongeye avuga ko uwo yabarashe nawe yishwe.

Iryo sanganya ribaye haheze amezi abiri uwundi musirikare akorana n’Amerika yishe abasirikare babiri b’Amerika mu ntara ya Uruzgan.

Kugeza ubu, abasirikare ba Reta zunze ubumwe z’Amerika 17 baramaze gusiga ubuzima muri Afuganistani uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG