Uko wahagera

Amerika Yatakaje Uwundi Musirikare muri Afuganistani


Sereja Major James G. "Ryan" Sartor umusirikare yiciwe ku rugamba muri Afuganistani.
Sereja Major James G. "Ryan" Sartor umusirikare yiciwe ku rugamba muri Afuganistani.

Umusirikare wa Reta zunze ubumwe z’Amerika wo mu nteko zidasanzwe yarapfiriye ku rugamba mu buraruko bwa Afughanistani, nkuko vyashikirijwe n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi ejo kuw’Imana.

Umusirikare James "Ryan" Sartor yapfuye inyuma y’aho akomerekejwe bikomeye n’amasasu y’umwansi ku musi wa gatandatu. Abaye umusirikare w’Amerika agira 11 yishwe muri Afuganistani aho umwaka ugeze ubu, agashikana ku gitigiri ca 2430 kuva iyo ntambara itangura mu mwaka wa 2001.

Umuvugizi w’Abatalibani Zabihullah Mujahed yashikirije kuwa gatandatu ko umuhari wabo uri inyuma y’ubwo bwicanyi ariko ivyo yemanze biracatohozwa.

Amerika ifise abasirikare bangana 14,000 muri Afghanistani, aho bariko baha impanuro abasirikare ba Afuganistani mu rugamba barimwo n’Abatalibani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG