Uko wahagera

Umusirikare w'Amerika Yiciwe ku Rugamba muri Afuganistani


Abasirikare ba Reta zunze ubumwe z'Amerika, ku rugamba muri Afuganistani.
Abasirikare ba Reta zunze ubumwe z'Amerika, ku rugamba muri Afuganistani.

Umurwi w’abasirikare bo mu nteko za OTAN muri Afghanistani washikirije kuri uyu wa mbere ko uwundi musirikare wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yapfiriye ku rugamba, ashikanye igitigiri ca 17 c’abasirikare b’Amerika bamaze kwicirwa muri ico gihugu aho uyu mwaka ushitse ubu.

Iryo tangazo ntiryatanze umuco n’ingene ubwo bwicanyi bwabaye, ndetse n’intara yo muri Afuganistani yiciwemwo, imbere yuko umuryango wiwe ubanza kubimenyeshwa nkuko amategeko ya gisirikare muri Amerika abitegeka.

Abatalibani bamenyereye kwigamba ko ari bo bagaba ibitero ku basirikare b’abanyamahanga ariko ntaco bashotse bashikiriza kuri iki gitero.

Gushika ubu, uyu mwaka wabaye uwasesetsemwo amaraso ku ruhande rw’inteko za Amerika muri Afuganistani kuva aho Washington igabanirije abasirikare bayo muri ico gihugu mu ntango zo mu 2015.

Urupfu rw’uyo musirikare kuri uyu wa mbere rubaye inyuma y’indwi irenga ibiganiro hagati ya Reta zunze ubumwe z’Amerika n’abatalibani bihagaze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG