Uko wahagera

OTAN: Abasirikare Babiri Mvamakungu Biciwe i Kabul


Abasirikare bo mu nteko za NATO, bari ahiciwe bagenzi babo mu gitero c'Abatalibani i Kabul, muri Afghanistani kw'itariki 5/09/2019.

Ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyiyemeje kurwaniriza umwansi hamwe, OTAN rivuga ko umusirikare umwe wa Reta zunze ubumwe z’Amerika n’uwa Romaniya biciwe ku rugamba kuri uyu wa kane i Kabul, muri Afghanistani, bituma ibitigiri vy’abasirikare b’Amerika bamaze gupfira mur’ico gihugu muri uyu mwaka bashika kuri 16.

Aya makuru yatangajwe haciye amasaha abarwanyi b’Abatalibani bigamvye ko aribo bakoze igitero c’ubwiyahuzi hakoreshejwe imodokari mur’ico gisagara, cahitanye abanyamahanga hamwe n’abasirikare ba reta.

Umuvugizi w’umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati, Nasrat Rahimi yemeje ko ico gisasu cahitanye abashika 10 gikomeretsa 42. Yongeyeko ko bose ari abasivile.

Abatalibani babandanya kugaba ibitero naho abategetsi babo bari mu biganiro na Reta zunze ubumwe z’Amerika, bigamije gukura abasirikare b’abanyamahanga muri Afuganistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG