Uko wahagera

Amerika n'Abatalibani mu Biganiro ku Ncuro y'Icenda


Ibiganiro hagati y'Amerika n'Abatalibani
Ibiganiro hagati y'Amerika n'Abatalibani

Reta zunze ubumwe z’Amerika hamwe n’Abatalibani bo muri Afuganistani basubiye mu biganiro vy’amahoro muri Qatar kugira barabe ko boshika ku masezerano ashobora kuzorangiza intambara ya gisirikare ndende Amerika yinjiyemwo.

Ibi biganiro vyo ku ncuro y’icenda vyatanguye kuri uyu wa kane i Doha ku murwa mukuru wa Quatar, vyitezwemwo amasezerano arindiriwe igihe kirekire hagati y’izo mpande zibiri.

Ibi biganiro vyongeye gutangura inyuma y’umusi umwe Abatalibani mu buraruko bwa Afuganistani bishe abasirikare babiri ba Reta zunze ubumwe z’Amerika, bashikanye ku basirikare 14 bamaze kwicirwayo muri uyu mwaka wa 2018.

Mu gihe amasezerano yoshikwako, Amerika yoca itangaza ikirangamisi co gukura abasirikare mvamakungu irongoye muri Afuganistani. Ku rundi ruhande, Abatalibani bazoca batanga ivyemeza ko batazosubira mwemerera abakora iterabwoba gukoresha ubutaka bwa Afuganistani mu kugaba ibitero mu bindi bihugu.





Facebook Forum

XS
SM
MD
LG