Uko wahagera

Abasirikare Babiri ba Amerika Baguye mu Gitero c'Abatalibani


Abasirikare ba Amerika kumwe n'aba Afuganistani bagenzura ahabereye igitero mu 2017

Abasirikare babiri b’Abanyamerika hamwe n’umwe wo muri Afuganistani basize ubuzima mu gitero ku barwanyi b’Abatalibani cabereye mu buraruko bwa Afuganistani kuri uyu wa gatanu.

Ayo makuru yatangajwe n’abategetsi b’inteko za NATO bemeje urupfu rw'abo basirikare. Abasirikare ba Amerika bamaze kurwa muri Afuganistani kuva uno mwaka utanguye bagera kuri bane barimwo abishwe uno munsi.

Abategetsi b'akarere kabereyemwo ico gitero bemeza ko Abatalibani batari bake nabo bahasize ubuzima. Ikinyamakuru co muri Amerika, The New York Times, canditse ko mu bapfuye harimwo umusirikare umwe wo muri Afuganistani.

Abasirikare b’Amerika bashika ku bihumbi 14 ni bo bari muri Afuganistani kumenyereza inteko zico gihugu ziriko zirwanya Abatalibani. Mu mwaka uheze wa 2018 abasirikare ba Amerika 12 baraguye muri urwo rugamba.

Umuhari w’Abatalibani wavuze ko igitero c'uno wa gatanu cabereye mu karere wigaruriye mu micungararo y’umurwa mukuru w’intara ya Kunduz.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG