Uko wahagera

Abatalibani Bemeza ko Bishe Abasirikare 65 ba Afuganistani


Abasirikare ba Afuganistani bagana muri distrikte ya Sangin mu ntara ya Helmand, Afuganistani, italiki 23/12/2015.
Abasirikare ba Afuganistani bagana muri distrikte ya Sangin mu ntara ya Helmand, Afuganistani, italiki 23/12/2015.

Abategetsi muri Afuganistani bavuze kuri uyu w’Imana ko gutana mu mutwe barimwo n’abatalibani mu bumanuko bw’intara ya Helmand kwahitanye abasirikare ba reta baharurwa mu macumi.

Izo ntambara muri distrikte ya Sangin zatanguye inyuma y’aho ku musi wa gatandatu abatalibani batereye ibirindiro bitari bike vy’abasirikare ba reta.

Mu kiganiro yagiranye n’Ijwi ry’Amerika, umuvugizi w’ubutegetsi bw’iyo ntara, Omar Zwak, yavuze ko ivyo bitero vyahitanye vyongera bikomeretsa abasirikare ba reta batari bake, ariko nta vyinshi yashikirije.

Senateri Mohammed Hashim Alokozai, avuka mur’iyo distrikte yabwiye Ijwi ry’Amerika ko abatalibani bishe inteko 65, harimwo abasirikare 38 ba reta ya Afuganistani, abandi 38 barakomereka.

Perezida Ashraf Ghani yashikirije mu kwezi kwa mbere ko abasirikare barenga 45,000 ba Afuganistani bamaze kwicwa kuva ashikiriye ubutegetsi muri 2014.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG