Uko wahagera

Abasirikare 3 ba Amerika Baguye mu Gitero c'Abatalibani


Abasirikare ba Afuganistani bacungereye urwinjiriro rw'ikambi y'abasirikare ba Amerika barwanira mu kirere, i Bagram, mu buraruko bwa Kabul, 12/11/2016.

Igitero c’iterabwoba cabereye hanze y’umurwa mukuru Kabul, muri Afghanistani, cahitanye abasirikare batatu ba Reta zunze ubumwe z’Amerika hamwe n’uwundi munyamerika yakorana n’abasirikare, nkuko bishikirizwa n’igisirikare ca Amerika.

Abatalibani bamaze kwemanga ko aribo bakoze ico gitero c’ejo ku musi wa mbere. Umuvugizi w’urunani rw’abasirikare ba Amerika na Afuganistani, Koloneri David Butler yabwiye Ijwi ry’Amerika ko imodoka yar’itezwemwo bombe yaturukiye hafi y’i Bagram, ahari ikambi nini y’abasirikare b’Amerika barwanira mu kirere mur’ico gihugu. Iyo kambi iri ku birometero bishika 50 mu buraruko bwa Kabul.

Umurwi w’abasirikare ba Amerika b’abaganga bashoboye gutabara abandi basirikare batatu bakomerekeye mur’ico gitero. Koloneri Butler yashikirije ko uko ari batatu bameze neza.

Abasirikare ba Amerika bashika 14,000 bariko barafasha abasirikare ba Afuganistani kandi barwanya ibitero vy’iterabwoba.

Ico gitero kibaye mu gihe intumwa za Reta zunze ubumwe z’Amerika ziriko zirakora kugira zishike ku masezerano n’Abatalibani, agamije kurangiza intambara ndende Abanyamerika bamazemwo mur’ico gihugu.

Gushika aho itariki igeze ubu, abasirikare indwi ba Amerika baramaze kwicwa muri Afganistani uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG