Uko wahagera

Ibiganiro Hagati ya Amerika n'Abatalibani Vyasibijwe


Intumwa z'Abatalibani mu biganiro na Reta zunze ubumwe za Amerika

Ibiganiro vyari bitegekanijwe hagati y’intumwa za Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’izo Abatalibani vyarasibijwe, nkuko amakuru ava ku mpande zose abivuga.

Umwe mu bategetsi b’Abatalibani atashimye ko izina ryiwe rimenyekana yavuze ko uyo mubonano wasibijwe n’Abanyamerika kuko hari 14 mu ntumwa mur'ivyo biganiro badashobora kuja mu mahanga kuko bari ku rutonde rw’abafatiwe ibihano na Amerika hamwe na ONU.

Umushikiranganji wa Pakistani ajejwe kumenyesha amakuru, Fawad Chaudhry yashikirije ko ibindi biganiro n’Abatalibani bizobera muri Pakistani, kandi ko ibizovamwo bishobora kuzotanga amahirwe y’umutekano muri Afuganistani.





Facebook Forum

XS
SM
MD
LG