Uko wahagera

Abasirikare 3 ba Amerika Bariciwe muri Afuganistani


Abasirikare ba Reta zunze ubumwe z'Amerika muri Afuganistani.
Abasirikare ba Reta zunze ubumwe z'Amerika muri Afuganistani.

Igisirikare ca Reta zunze ubumwe z’Amerika muri Afuganistani gishikiriza ko abasirikare batatu baco bishwe abandi batatu barakomereka batezwe igisasu hafi y’igisagara ca Ghazni mu buseruko bwa Afuganistani.

Amakuru yashikirijwe n’igisirikare c’Amerika i Kabul yavuze ko abakomeretse baciye batwarwa kuvurwa.

Nta makuru arenga ayo yashikirijwe.

Abatalibani bemeje ko aribo bakoze ico gitero.

Ghazni ni umurwa mukuru w’intara ya Afghanistani yitwa iryo zina nyene, aho abarwanyi b’Abatalibani bahatswe kwifatira uwo murwa mukuru.

Ubwicanyi bw’ejo kuwa kabiri bwashikanye igitigiri c’abasirikare 11 ba Reta zunze ubumwe z’Amerika bamaze kwicirwa ku rugamba muri Afghanistani uyu mwaka.






Facebook Forum

XS
SM
MD
LG