Uko wahagera

Abatalibani Ntibashima Ingingo yo Guhagarika Ibiganiro y'Amerika


Intumwa z'Abatalibani i Doha, imbere yuko ibiganiro hagati y'Abanyafuganistani bitangura i Doha, muri Qatar, itariki 07/07/2019.
Intumwa z'Abatalibani i Doha, imbere yuko ibiganiro hagati y'Abanyafuganistani bitangura i Doha, muri Qatar, itariki 07/07/2019.

Abatalibani bo muri Afuganistani bashikiriza ko batashimishijwe n’ingingo yafashwe na perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yo guhagarika ibiganiro vy’amahoro nabo, bavuga ko intumwa z’Amerika zari zahimbajwe n’ivyumvikanyweko n’impande zibiri i Doha, mu gihe itariki 23 z’uku kwezi kw’icenda yari yemejwe ko ariho iyindi ntambwe y’ibiganiro n’iyindi mihari irwana muri Afuganistani vyoca bitangura.

Mw’itangazo washikirije kuri uyu w’Imana, uwo muhari uvuga ko utazigera uhagarika urugamba kandi ko Amerika izogaruka mu biganiro vyanka bikunda.

Perezida Trump Yategetse ko ivyo biganiro vy’amahoro n’Abatalibani bihagarara, inyuma y’igitero cabereye i Kabul cahitanye umusirikare w’Amerika, hamwe n’abandi bantu 11.

Iyo ngingo ntiyashimishije akarere kari karindiriye ko izo mpande zibiri zitosora neza urwandiko rwa nyuma rw’ayo masezerano.




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG