Uko wahagera

Amerika n'Abatalibani Barasubira Kuganira muri iyi Ndwi


Intumwa z'Abatalibani n'iz'Amerika mu buganiro
Intumwa z'Abatalibani n'iz'Amerika mu buganiro

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mike Pompeo yashikirije ejo kuwa kabiri mu rugendo arimwo muri Afuganistani ko reta ya Trump yiteze amasezerano y’amahoro mur’ico gihugu hatarenze ukwezi kw’icenda.

Urugendo rwiwe ruje mu gihe intumwa z’Amerika n’izo Abatalibani mur’ivyo biganiro bategekanya guhurira muri Qatar mu mpera z’iyi ndwi mu kindi gice c’ibiganiro bigamije gutorera inyishu ya politike intambara yo muri Afuganistani.

Ibiganiro hagati y’Amerika n’Abatalibani bigamije gushika aho abasirikare b’Amerika n’inteko za NATO bava muri Afuganistani, Abatalibani nabo bakemera ko batazoha indaro abakora iterabwoba mu bindi bihugu.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG