Uko wahagera

Amerika n'Abatalibani Bumvikanye ku Rwandiko rw'Amasezerano


Perezida wa Afuganistani Ashraf Ghani abonana n'intumwa y'Amerika mu biganiro Zalmay Khalilzad i Kabul, Afghanistani, itariki 02/09/2019
Perezida wa Afuganistani Ashraf Ghani abonana n'intumwa y'Amerika mu biganiro Zalmay Khalilzad i Kabul, Afghanistani, itariki 02/09/2019

Reta zunze ubumwe z’Amerika, yageze ku rwandiko rw’amasezerano n’Abatalibani, azotuma Amerika ikura abasirikare bayo mu makambi atanu muri Afuganisitani mu minsi itarenze 135, inyuma y’uko amasezerano amaze gushirwaho umukono.

Uwuserukira intumwa z’Amerika mur’ivyo biganiro, Zalmay Khalilzad yabivugiye ku munsi wa mbere, kuri televiyo yigenga ikurikirwa na benshi, yitwa TOLOnews. Yavuze ko abasilikare 5,000 b’Amerika bazova muri ayo makambi. Ubu, abasilikare 14,000 barungitswe muri Afghanistani kandi hari amakambi indwi azwi arongowe n’Amerika.

Khalizad yashikirije ko ibiganiro bikibandanya hagati y’Amerika n’Abatalibani ku kibanza n’igihe amasezerano y’amahoro azotererwako umukono.

Umuvugizi w’Abatalibani ajejwe poritike Suhail Shaheen yashikirije ku musi w’Imana ko igice kigira icenda c’ibiganiro n’intumwa z’Amerika carangiye neza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG