Uko wahagera

Amerika Yatakaje Abandi Basirikare 2 muri Afuganistani


Umusirikare wa Reta zunze ubumwe z'Amerika ku kirindiro mu ntara ya Kunar buseruko bwa Afuganistani.
Umusirikare wa Reta zunze ubumwe z'Amerika ku kirindiro mu ntara ya Kunar buseruko bwa Afuganistani.

Abasirikare babiri ba Reta zunze ubumwe z’Amerika bariciwe ku rubuga rw’intambara ku musi wa gatatu muri Afughanistani, nkuko bishikirizwa n’igisirikare c’Amerika, mu gihe ibiganiro hagati y’Amerika n’Abatalibani bitegekanijwe kwongera gutangura muri Qatar.

Abategetsi b’Amerika ariko ntibashikirije umwansi abo basirikare bariko bararwanya. Babwiye Ijwi ry’Amerika ko amatohoza ariko arakorwa.

Ibiranga abo basirikare babiri ntivyashizwe ahabona, mu kurindira ko imiryango yabo ibimenyeshwa.

Reta ya Trump n’Abatalibani bamaze igihe baganira ku nzira Amerika yokura akarenge mur’iyo ntambara imaze igihe kirekire.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG