Uko wahagera

Afuganistani Yiteguriye Gukaza Ibitero ku Birindiro vy'Abatalibani


Ingabo za Afuganistani

Abategetsi muri Afuganistani batangaje uno munsi ku wa mbere ko mu bitero vyo kwihora baherutse kugaba mu ntara ya Badghis iri mu burengero bw’ico gihugu bishe abarwanyi b’Abatalibani barenga ijana bakomeretsa abandi benshi.

Ni ibitero vyakozwe mu ntumbero yo kwigarurira iyo ntara isa n’iyiganziwe n’Abatalibani nkuko amakuru atangwa n’igisirikare muri Afuganistani abivuga.

Ku wa kane w’indwi iheze ku ncuro ya kabiri muri uku kwezi abarwanyi b’Abatalibani bari bagavye ibitero mu gisagara ca Bala Murghab. Ivyo bitero vyagabwe mu bibanza bikomakomeye birimwo ibiro bikuru vya polisi n’agasho gakuru vyahitanye ingabo z’igihugu 12 bikomeretsa 34.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi buvuga ko bufatanije n’ingabo za Amerika bugiye gukaza ibitero ku birindiro bitandukanye vy’Abatalibani.

Intumwa idasanzwe ya Amerika, Zalmay Khalilzad, mu mugambi wo gutegura amasezerano y’amahoro muri Afuganistani ejo ku wa Mungu ni ho yasozera urugendo rw’iminsi indwi i Kaboul ku murwa mukuru wa Afuganistani aho yari amaze iminsi abonana n’abategetsi muri ico gihugu mu biganiro vy’ibanze.

Vyitezwe ko Zalmay Khalilzad Umunyamerika afise amamuko muri Afuganistani ahura n’uruhande rw’Abatalibani muri Qatar muri uku kwezi. Intambara muri Afuganistani imaze imyaka 18 imaze guhitana abatari bake haba ku ruhande rw’abarwanyi canke abasirikare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG