Uko wahagera

Igitero c'Abatalibani muri Afuganistani Cahitanye Abantu 12


Ahaturikirijwe igisasu c'iterabwoba yanze y'ibiro vy'igiporisi mu ntara ya Kandahar mu bumanuko bwa Kabul, Afghanistani, kuwa kane itariki 18/07/2019.
Ahaturikirijwe igisasu c'iterabwoba yanze y'ibiro vy'igiporisi mu ntara ya Kandahar mu bumanuko bwa Kabul, Afghanistani, kuwa kane itariki 18/07/2019.

Abatalibani baragavye igitero ku cicaro gikuru c’igiporisi c’intara, mu bumanuko bwa Afghanistani ejo kuwa kane, hapfa abantu 12 abandi barenga 60 barakomereka.

Abategetsi bavuga ko abantu bitwaje inkoho zikomeye biyambariyeko ibisasu vy’abiyahuzi bateye inyubakwa icungerewe cane hagati mu ntara ya Kandahar mu ma sa kumi n’imwe z’umuhingamo. Ico gitero catangujwe na bombe zari zitezwe mu modokari zaturikijwe ku rwinjiriro rw’ibiro vy’igiporisi.

Benshi mu bapfuye bivugwa ko ari abanyagihugu kuko iyo nyubakwa yubatswe hafi y’imihana y’abanyagihugu.

Abatalibani bemeje ko ari bo bari inyuma y’ico gitero, bavuga ko bishe bongera bakomeretsa abajejwe umutekano baharurwa mu macumi, naho ivyo bavuga bitaremezwa.

Kibaye igitero c’Abatalibani kigira kabiri ku bajejwe umutekano ba reta mu misi itari mike.

Ibi bitero vy’Abatalibani muri Afuganistani biba mu gihe Reta zunze ubumwe z’Amerika iriko iraganira ku nyishu ya poritike mur’iyo ntambara n’Abatalibani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG