Uko wahagera

Igitero c'Abiyahuzi i Kabul Cakomerekeje Abatari Bake


Imyotsi ahaturikiye ibisasu i Kabul muri Afghanistani, itariki 01/07/2019
Imyotsi ahaturikiye ibisasu i Kabul muri Afghanistani, itariki 01/07/2019

Abatalibani ntibatevye kwigamba ko ari bo bakoze ico gitero c’ubwiyahuzi kuco bise ikigo kirimwo ibikoresho vy’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi.

Umurwi w’abagabo batanu bafise ibirwanisho bikomeye baturikije bombe yatezwe mu modokari yakurikijwe n’amasasu menshi i Kabul ku murwa mukuru wa Afuganistani kuri uno wa mbere, hapfa umuntu umwe abandi batari bake barakomereka. Abategetsi bashikiriza ko ivyo bitero vyamaze amasaha umunani imbere yuko abajejwe umutekano bica abo barwanyi bose.

Umuvugizi w’umushikiranganji w’intwaro mu gihugu, Nasrat Rahimi yashikirije ko bari mu bikorwa vyo guturitsa ibisasu biataturitse abo barwanyi bari bitwaje. Yasezeranye ko hagiye gushikirizwa vuba ibitigiri nyavyo vy’abahasize ubuzima hamwe n’ivyononekaye.

Umumenyeshamakuru muri Afghanistani, Bilal Sarwary, yashikirije ko abategetsi b’inzego z’iperereza, igiporisi na reta bashikirije mu butumwa bwa Twitter ko abantu bashika 40 bahasize ubuzima, benshi muri bo ni abasirikare. Ariko reta ntiravyemeza.

Abatalibani ntibatevye kwigamba ko ari bo bakoze ico gitero c’ubwiyahuzi kuco bise ikigo kirimwo ibikoresho vy’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi.

Iki gitero co kuri uno wa mbere kibaye mu gihe Abatalibani na Reta zunze ubumwe z’Amerika bari mu myiteguro y’ibindi biganiro muri Qatar bigamije kurangiza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG