Uko wahagera

Ikibuga c'Indege i Tripoli Cugawe kubw'Ibitero vy'Indege


Ingenzi zakuwe mu kibuga c'indege c'i Mitiga i Tripoli, Libiya, 08/04/2019.

Abategetsi ba Libiya barugaye ikibuga c’indege c’i Tripoli cari kigikora conyene, inyuma y’igitero c’indege cabaye ejo ku musi wa mbere, mu gihe imirwano yo kwigarurira Tripoli ikibandanya hagati y’inteko zidacana uwaka mur’ico gihugu.

Abajejwe umutekano ku kibuga c’indege ca Mitiga, mu buseruko bw’umurwa mukuru wa Libiya bavuze ko ata ruhande na rumwe rwemanze ico gitero, aho igisasu c’indege caguye ku kibuga c’indege ariko ntawe cahitanye. Abasirikare bayoboka Jenerali Khalifa Haftar barabandanya ibitero bigamije gufata umurwa mukuru.

Umushikiranganji wa mbere wa Libiya ashigikiwe na ONU, Fayez Sarraj, yise ico gikorwa ca Jenerali Haftar ukugerageza gutembagaza ubutegetsi. Haftar hamwe n’abasirikare biwe baramaze gufata uduce tutari tuke mu micungararo ya Tripoli, ariko Sarraj yavuze ko abasirikare ba reta biteguye guhangana nabo.

Umuvugizi wa ONU, Stephane Dujarric yavuze ko abanyagihugu 3,400 bamaze guta ingo zabo bahunze izo ntambara zatanguye ku musi wa kane.

Ishirahamwe ry’abagiraneza, IRC rigereranya ko abantu 21 barimwo 2 bakora mu gisata c’amagara y’abantu, bishwe mur’iyo mirwano, kandi agabisha ko ibitigiri vy’abakeneye gufashwa bizokwiyongera mu gihe gutana mu mutwe vyobandanya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG