Uko wahagera

Abarwana muri Libiya Batanguye Ibiganiro vy'Amahoro


Umushikiranganji wa mbere wa Libiya Fayez al-Sarraj (Ibubamfu) na Generali Khalifa Hifter (I buryo) baramukanije.
Umushikiranganji wa mbere wa Libiya Fayez al-Sarraj (Ibubamfu) na Generali Khalifa Hifter (I buryo) baramukanije.

Igihugu c’Ubutaliyano kiriko kirakira inama mpuzamakungu y’imisi ibiri ku gihugu ca Libiya, mu cizere co kuzoshika ku mutekano n’amatora ya demokarasiya muri ico gihugu casinzikajwe n’intambara.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano, Giuseppe Conte yatangaje ejo ku wa mbere ko intumbero yiwe ari ugufasha kurangiza intambara hamwe no gufasha kugira Libiya kirangwemwo umutekano.

Abakuru b’amareta adacana uwaka aribo, umushikiranganji wa mbere Fayez Serraj arongoye reta ishigikiwe n’amakungu hamwe na Khalifa Hifter yahisemwo gufata ibirwanisho, bose uko ari babiri bari muri ivyo biganiro biriko birabera i Palermo, mu Butaliyano.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze guharanira agateka ka zina muntu, Amnesty International risaba impande ziri mu biganiro vy’i Palermo ko mu vyo baganira habamwo kwubahiriza agateka ka muntu ku banyagihugu bose mu gihugu, harimwo n’impunzi hamwe n’abimukira.

Intumwa zaserukiye Ubufaransa n’Ubutaliyano basa n’abatavuga rumwe kw’igenekerezo amatora yoberako muri Libiya. Ubufaransa busaba ko aba mu kwezi kwa cumi na kabiri. Ubutaliyano bwipfuza itariki y’inyuma y’aho.

Igihugu ca Libiya catanguye kwinjira mu ndyane za politike kuva aho Moammar Gadhafi akuriwe ku butegetsi akongera akagandagurwa muri 2011.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG