Uko wahagera

Inama kuri Libiya Ntaco Yashitseko mu Butaliyano


Intumwa ya ONU muri Libiya Ghassan Salame, mu nama yaberaga Palermo mu Butaliyani, 13.11.2018
Intumwa ya ONU muri Libiya Ghassan Salame, mu nama yaberaga Palermo mu Butaliyani, 13.11.2018

Utwigoro tw’igihugu c’Ubutaliyano tw’ukwakira inama igenewe gukomeza umutekano mu gihugu ca Libiya ntaco twashitseko ku musi wayo wa kabiri.

Abataguye iyo nama ntibashoboye n’ukwemeza niba abaserukira imirwi ikomeye itandukanye ihiganirwa ubutegetsi yari yayitavye.

Umwe mu bategetsi bakomeye muri iyo mirwi, Jenerali Khalifa Haffar, ayoboye abarwanyi bagenzura igice kinini co mu buseruko bw’igihugu, yashitse mw’izinga rya Sicile ku muhingamo wo ku musi wa mbere. Yamara ntivyari bitomoye niba yari kwitaba iyo nama.

Imbere yaho ibinyamakuru vyamusubiyemwo avuga ko ata bibazo bitomoye iyo nama yari yategekanije.

Abategetsi b’Ubutaliyano bashaka gushimikira ku gihugu ca Libiya kiri mu bihugu vyimbura ibitoro vyinshi, yamara kimaze imya 7 kirimwo intambaa n’akajagari. Imirwi itari mike yitwaje ibirwanisho n’ubwoko butandukanye butana mu mitwe kuva umutegetsi yahoze ayoboye Libiya, Muammar Gadhafi akuwe, akicwa.

Yamara harabaye uguhiganwa hagati y’Ubutalaiyano n’Ubufransa ku wuzoyobora utwigoro tw’ukugarukana amahoro n’umutekano muri Libiya. Ubufransa bwasavye inama nk’iyo mu ntango z’ukwezi kwa gatanu. Ivyo bikaba vyarashavuje abategetsi b’Ubutalaiyano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG