Uko wahagera

Amakungu mu Mugambi wo Gutunganya Amatora muri Libiya


Perezida w'Ubufaransa, Emmanuel Macron, arongoye inama ku kibazo co gutunganya amatora muri Libiya i Paris, Itariki 29/05/2018.
Perezida w'Ubufaransa, Emmanuel Macron, arongoye inama ku kibazo co gutunganya amatora muri Libiya i Paris, Itariki 29/05/2018.

Abategetsi bane barongoye imirwi itavuga rumwe, uyu musi ku wa kabiri, batangaje umugambi wo gukoresha amatora mu gihugu ca Libiya, kw’igenekerezo rya 10 ry’ukwezi kwa 12 mur’ico gihugu casinzikajwe n’ingwano.

Abo bategetsi bateye igikumu kw’itangazo basohoye, inyuma y’aho inama nkuru barimwo irangiriye ku murwa mukuru w’igihugu c’Ubufaransa, Paris. Iyo nama yar’ifise umugambi wo kuraba ukuntu amatora yemewe kandi abaye mu mutekano, yotunganywa.

Abo bategesi bumvikanye kw’atawuzokwihanganira umuntu wese azogerageza kudurumbanya ayo matora, kandi umuntu wese azohirahira ngo abikore, azobibazwa.

Perezida w’igihugu c’Ubufaransa Emmanuel Macron yahagarariye iyo nama, amaze igihe atera akamo abarongoye abandi mu gihugu ca Libiya, kabasaba gufata inzira yotuma igihugu gisubira kuronka ituze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG