Uko wahagera

ONU Iriyamiriza Ibitero vy'Imirwi Yitwaje Ibigwanisho muri Libiya


Abarwanyi bo muri Libiya
Abarwanyi bo muri Libiya

ONU iriyamiriza ibitero bigirwa n’imirwi yitwaje ibirwanisho muri Libiya. Iyo mirwi igira ibitero ku nyubakwa z’amavuriro n’abakozi bayo. ONU ivuga ko ivyo bishobora gufatwa nk’ivyaha vyo mu ntambara.

Ibiro vya ONU bitandukanye vyasanze hamaze kugirwa ibitero bishika kuri 36 ku mavuriro. Abakozi bavyo n’abagwayi hagati y’umwaka w'i 2017 n’i 2018.

Yamara, Ravina Shamdasani, umuvugizi w’ibiro vya ONU bijejwe agateka ka muntu amenyesha ko abajejwe ibikorwa vyo kugenduza ibibera muri Libiya batabasha gushika henshi kandi ko ibitigiri vy’ivyo bitero bitegerezwa kuba birenze ngaho cane.

Umutegetsi mukuru wa ONU ajejwe agateka ka muntu, Zeid Ra'ad al-Hussein, avuga kw’ibikorwa bigayitse nk’ivyo ku baganga n’inyubakwa bakoreramwo bibabuza gukora akazi kabo ko kuvura abarwayi bakeneye kwitabwaho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG