Uko wahagera

USA: Perezida Donald Trump Yoba Yejejwe na Raporo ya Mueller?


Robert Mueller na Donald Trump
Robert Mueller na Donald Trump

Amatohoza y’umushikirizamanza adasanzwe, Robert Mueller nta vyemezo yaronse vy’uko perezida Donald Trump, abamufashije kwiyamamaza hamwe n’abo bakorana bakoranye n’Uburusiya mu guhungabanya amatora y’umukuru w’igihugu muri 2016. Ivyo biri mu cegeranyo c’ivyavuye mur’ayo matohoza, cashikirijwe kuri uyu w’Imana na William Barr, umushikiranganji w’ubutungane muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Ariko Barr yashikirije ko iyo raporo iteza perezida. Yagize ati "Mu gihe iyi raporo iterekana ko perezida yakoze icaha, nta cerekana kandi ko yera," Ivyo nivyo Bar yavuze yisunze ivyanditswe na Mueller.

Umushikiranganji Barr yararungikiye kongere y’Amerika incamake y’iyo raporo ya Mueller yari irindiriwe igihe kirekire.

Mueller yari amaze amezi 22 atohoza nimba mu bihe vyo kwiyamamaza, Trump yoba yarakoranye n’Uburusiya canke nimba yoba yararemereye ubutungane mu kurondera guhagarika ayo matohoza.

Barr hamwe n’abamufasha bamaze amasaha atari make ku musi wa gatandatu basoma iyo raporo, Mueller yabahaye ku musi wa gatanu.

Abashingamateka bafise igihagararo muri kongere, baba abo ku ruhande rw’abademokrate hamwe na bamwe mu ba Republikani bashigikiye Trump, bamye basaba ko iyo raporo ishikirizwa yose uko iri, ariko ntibiragaragara ko Barr azobikora.

Mueller, yigeze kuba arongoye ibiro vya Amerika bijejwe gutohoza ivyaha, FBI yarizewe n’abanyepolitike bo ku mpande zose i Washington kubwo kutagira aho ahengamiye, ariko raporo yiwe ishitse mu gihe habonekana ugucanamwo hagati y’abanyepolitike muri Amerika, mu gihe kandi ibiharuro vyerekana ko abanyamerika bashima uko Trump ariko ararongora amabanga yiwe n’uko yokwongera gutorwa mu yindi manda.

Abademokrate barenga 10 bariko bararondera ko umugambwe wabo wobemeza kugira bazohangane na Trump mu matora yo mu kwezi kwa cumi na kumwe 2020. Ikintu cose coboneka ko ari kibi mur’iyo raporo, gishobora kuba imbarutso yotuma Trump ava ku butegetsi inyuma ya manda imwe gusa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG