Uko wahagera

Trump Yemeye ko Uburusiya Bwivanze mu Matora


Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Donald Trump na Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin, inyuma y'ikiganiro n'abamenyeshamakuru i Helsinki, muri Finlande, itariki 16/07/2018.
Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Donald Trump na Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin, inyuma y'ikiganiro n'abamenyeshamakuru i Helsinki, muri Finlande, itariki 16/07/2018.

Perezida Donald Trump yivuguruje kuri uyu wa kabiri, avuga ko yemeye ivyashikirijwe n’ibigo bijejwe amaperereza vya Reta zunze ubumwe z’Amerika, ko Uburusiya bwahungabanije amatora y’umukuru w’igihugu yo muri 2016.

Ivyo ni inyuma y’umusi umwe Perezida Trump wenyene ubwiwe ashigikiye Perezida Putin mu kwemeza ko Uburusiya ataco bwagirizwa, kandi ni inyuma y’aho abanyeporitike b'Amerika ku mpande zose banebaguye inyifato ya Trump mu gusuzugura ivyemejwe n’iperereza ry’igihugu ciwe.

Abashingamateka bavuze ko ivyo yavuze biteye isoni kandi bitesha agaciro icicaro ca perezida w’Amerika.

Trump yavuze kandi ko reta yiwe igiye gukora ibishoboka kugira iburizemwo utwigoro twose Uburusiya bwogerageza two kwivanga mu matora y’abashingamateka yo mu kwezi kwa cumi na kumwe.

Abademokrate basaba ko hafatwa ingingo zo kuburizamwo Trump n’Uburusiya, no gukingira amatohoza ariko arongowe n'umushikirizamanza mukuru Robert Mueller ku ruhara rw’Uburusiya mu kwivanga mu matora yo muri Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG