Uko wahagera

USA: Trump Yoba Akorera Uburusiya?


Perezida Donald Trump, na Vladimir Putin w'Uburusiya mu nama i Helsinki, muri Finlande. Italiki 16/07/2018.
Perezida Donald Trump, na Vladimir Putin w'Uburusiya mu nama i Helsinki, muri Finlande. Italiki 16/07/2018.

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump yashikirije ko atigeze akorera Uburusiya. Ni inyuma y’imisi hari amakuru yashikirijwe n’ibimenyeshamakuru ko hoba hari ivyo yemereye Uburusiya na perezida wabwo Vladimir Putin.

Ikinyamakuru candikira muri Amerika, The New York Times catangaje mu mpera z’indwi iheze ko ibiro vy’inyamiramabi, FBI vyatanguje amatohoza yo kumenya nimba Trump yarakoreye Uburusiya abizi canke yoba yarahenzwe, inyuma yo gukura mu mabanga uwahoze arongoye FBI James Comey mu kwezi kwa gatanu 2017, igihe yari arongoye amatohoza ku ruhara Uburusiya bwoba bwaragize mu guhungabanya amatora y’umukuru w’igihugu yo muri 2016.

Ikindi kinyamakuru The Washington Post candikira muri Amerika canditse mu misi iheze ko Trump yanyegeje inyandiko zanditswe n'abamusobanurira ivyo yaganiriye na Putin ku ncuro zitanu zose babonanye mu myaka ibiri iheze.

Ayo matohoza uko ari abiri, ari mu vyo umushingwamanza adasanzwe Robert Mueller ariko arakurikirana.

Mueller asa n’uwuriko ararangiza amatohoza yiwe kandi vyitezwe ko yandika raporo y’ivyo yatohoje.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG