Uko wahagera

USA: Umwepiskopi Katolika Michael Bransfield Yatanze Imihoho


Umwepiskopi wa Ekleziya Katolika wo muri Reta ya West Virginia, Michael Bransfield kw'ifoto.
Umwepiskopi wa Ekleziya Katolika wo muri Reta ya West Virginia, Michael Bransfield kw'ifoto.

Papa Faransisiko ejo ku musi wa kane yaremeye gutanga imihoho kw’umwepiskopi wa Ekleziya Katolika muri Reta zunze ubumwe z’Amerika yagirijwe ivyaha vy’ubushurashuzi.

Uko gutanga imihoho kw’umwepiskopi wo muri reta ya West Virginia, Michael Bransfield, ryabaye igihe indongozi zo ku rwego rwo hejuru za Ekleziya katolika muri Amerika zari mu mubonano n’umwungere mukuru Papa Faransisiko ku kibazo cagaragaye muri Ekleziya mu bihugu bitari bike.

Muri ico gihe nyene, abategetsi muri Chili bari bagiye ku madiyoseze ane ejo kuwa kane gutohoza ku vyaha vy’ubushurashuzi ku bana bakiri bato vyagirizwa abakozi ba Ekleziya kandi vyakingiwe ikibaba n’abepiskopi muri ico gihugu.

Itanga imihoho rya Bransfield ribaye haheze indwi Papa akuye mu mabanga umwepiskopi mukuru Theodore McCarrick w’i Washington yagirijwe kuba yarashurashuje umwana w’umuhungu w’umuyabaga mu myaka y’1970 hamwe n’abandi banyeshure bo mw'iseminari hamwe n’abapadiri bakiri bato.

Papa Faransisiko yatumweko abepiskopi bo kw’isi yose mu nama yo mu kwezi kwa kabiri. Bazoganira kuri ubwo bushurashuzi bw’indongozi za Ekleziya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG