Uko wahagera

USA: Cardinal Theodore McCarrick Yafatiwe Ibihano na Papa


Cardinal Theodore Edgar McCarrick
Cardinal Theodore Edgar McCarrick

Ubutegetsi bw’i Vatikano bwakuye mu mabanga Cardinal Theodore McCarrick, yahoze ari umwepiskopi mukuru i Washington DC, inyuma yo kwagirizwa ivyaha bishingiye ku gitsina yakoreye umuyabaga harahaze imyaka ishika 50 igihe yari umupaditi i New York.

Papa Fransisiko yategetse kuri uyu wa gatatu ko uwo mu Cardinal w’imyaka 87 aba arahagarikwa mu bikorwa, ashobora kandi no kutazobandanya amabanga.

McCarrick aremeza ko ivyo yagirizwa atakivyibuka kandi ari umwere, ariko avuga ko asavye imbabazi kuwamwagirije ku mibabaro vyoba vyaramuteye.

McCarrick ni umwe mu bategetsi bakomeye muri Ekleziya muri Reta zunze ubumwe z’Amerika yagirijwe ivyaha bifatiye ku gitsina, vyagirijwe n'abandi bapadiri ibihumbi kw’isi.

McCarrick, yabaye umwepiskopi i Washington DC kuva mu mwaka w’2000 gushika muri 2006. Yashinzwe amabanga y’ubu cardinal mu mwaka w’2001.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG