Uko wahagera

Papa Fransisiko: Asaba Imana Imbabazi ku Bicumuro vya Ekleziya Katolika


Papa Fransisko
Papa Fransisko

Umwungere wa Ekleziya Katolika kw’isi Papa Fransisiko, yaraye asavye Imana imbabazi vy’umwihariko ku bicumuro bijanye no gushurashuza abana bakiri bato bigirwa cane muri Ekleziya Katolika.

Uwo muyobozi yabivugiye kw’ishengero rya Knock, aho yari mu rugendo mu gihugu ca Irlande ejo ku musi wa mungu. Yagereranije ayo mabi ateye isoni akorwa n'abayobozi b'ishengero, nk’ibiguma bikiri bishasha”, kandi ko ingingo zikomeye zikwiye gufatwa kugira “ukuri n’ubutungane bije ahabona”.

Papa Fransisiko yarongeye aranegura amashirahamwe ayobowe n’ishengero katolika muri Irelande, kuba muri kahise yatanze abana b’abagore batubatse ngo baje kurererwa mu yindi miryango. Avuga ko ivyo vyatumye abana bakiri bato banyagwa ubuzima bwabo, basigara atawubakurikirana, bahava bakura bafise ibikomere vyo ku mutima.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG