Uko wahagera

Papa Francisiko Asabwa Gutanga Imihoho


Papa Francis

Papa Francisiko ntiyemera canke ngo ahakane ibiri mw’ikete ririmwo amajambo akomeye yarungitswe n’uwahoze ari intumwa ya Vatikani muri reta zunze ubumwe z'Amerika, Musenyeri Carlo Maria Vigano.

Muri iryo kete yarungikiye mu binyamakuru vya kiliziya katolika, uwo musenyeri ari mukaruhuko k’ubusaza yagiriza Papa Francis kuba yarahishije ivyaha vy’ubushurashuzi vyagizwe n’umukardinale w’umunyamerika aheruka gutanga imihoho.

Muri iryo kete uwo musenyeri Vigano, asaba papa Francisiko gutanga akarorero keza agatanga imihoho.

Urugendo rwa Papa muri Irlande rwaranzwe ahanini n’amakuru atari meza yerekeye amabi afatiye ku gitsina yagirizwa abayobozi ba Kiriziya katolika.

Gushika igihe yariko yitegurira gufata indege imusubiza i Roma, abamenyeshamakuru babandanije kumusaba kugira ico avuze ku biri muri iryo kete rya Musenyeri Carlo Maria Vigano.

Muri iryo kete ry’impapuro 11 ryarungitswe mu bimenyeshamakuru vy’ishengero katolika, Papa Francisiko yagirizwa kuba yari azi neza kuva kera, ivyagirizo vy’ubushurashuzi vyari biri kuri uwo mu cardinale w’umunyamerika Theodore McCarrick.

Ni mugihe hari hari ivyemezo vyerekana neza k’uwo mu cardinale yashurashuje abana bakiri bato harimwo umwana w’umuhungu w’imyaka cumi n’itandatu. Mu kwezi guheze niho Papa yakira icese ikete ryo gutanga imihoho ryashikirijwe n’uwo mu mucadinale.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG