Uko wahagera

Papa n'Indongozi za Katolika zo muri USA Bozaganira ku Vyagiriji


Papa Fransisiko i Vaticano.
Papa Fransisiko i Vaticano.

Papa Fransisiko azobonana n’abarongozi ba Ekleziya Katolika muri Reta zunze ubumwe z’Amerika ku musi wa kane. Papa atumije iyo nama inyuma y'aho yagirijwe kuba yarirengagije ivyaha vy’ubusambanyi vyagirijwe umukardinal w’umunyamerika. Ayo makuru yatangajwe na Reta ya Vaticano.

Cardinal Daniel DiNardo, arongoye inama y’abepiskopi muri Amerika, azotwitaba iyo nama, inyuma yo kuvuga mu kwezi guheze ko afise igishika co guhura na Papa inyuma y’ivyo vyagiriji. Gushik'ubu, Papa Francisiko ntaco aravuga kur'ivyo vyagiriji.

Ekleziya Katolika mu kwezi kw’umunani yarashikirijwe raporo aho abapadiri barenga 300 bagirizwa ivyaha vyo guhohotera abana barenga 1000 mu kubasambanya muri reta ya Pennsylvaniya muri Reta zunze ubumwe z'Amerika mu kiringo c’imyaka 70.

Ekleziya katolika muri Amerika ku musi w’Imana yashikirije ko ico igiye gushira imbere ya vyose ari kurwanya abasambanya abana bato. Atar'aho, ibikorwa vyo kwamamaza ubutumwa bwiza, gufasha abagowe, n’inyigisho na vyo bigiye kubangamirwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG