Uko wahagera

ONU Yabangiriye Gukura Abasirikare ba AMISOM muri Somaliya


Abasirikare b'Abarundi ba AMISOM muri Somaliya mu bikorwa vyo gukizura mu micungararo ya Mogadishu, itariki 22/05/2012.
Abasirikare b'Abarundi ba AMISOM muri Somaliya mu bikorwa vyo gukizura mu micungararo ya Mogadishu, itariki 22/05/2012.

Inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano ku musi wa mbere yarafashe ingingo yo kuba irabangiriye gukura abasirikare bari muri Somaliya kubungabunga umutekano, inyuma y’uko bigaragaye ko abasirikare ba Somaliya batarashika ku rugero rwo kwicungerera umutekano.

Abasirikare 1000 mu basirikare b’Ubumwe bw’Afrika ibihumbi 20 bo mu rwego rwa AMISOM vyari bitegekanijwe ko batahuka mu bihugu vyabo mu mpera z’ukwezi kwa cumi, ariko ONU yunguruje ugutaha kwabo mu mpera z’ukwezi kwa kabiri.

Abasirikare ba AMISOM barungitswe mu 2007 gufasha reta ya Somaliya mu rugamba rwo kurwanya Al shabab. AMISOM ihabwa uburyo bw’amafaranga na ONU hamwe n’umuryango w’ubumwe bwa Buraya.

Inama ya ONU ijejwe umutekano yongereje ikiringo ca AMISOM gushika kw’igenekerezo rya 31 mu kwezi kwa gatanu, umwaka wa 2019, ivuga kandi ko abasirikare ba AMISOM bazotangura gutahuka mu kwezi kwa kabiri umwaka uza.

ONU yipfuza ko igisirikare ca Somaliya cokwiyubaka mu ntumbero yo kwicungerera inzego hamwe n’umutekano mu mwaka wa 2021, ahategekanijwe amatora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG