Uko wahagera

ONU Yongereje Ikiringo ca AMISOM muri Somaliya


Abasirikare ba Uganda bari mu nteko za Amisom muri Somaliya
Abasirikare ba Uganda bari mu nteko za Amisom muri Somaliya

Inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi yaremeje ku musi wa kabiri integuro y’itegeko iha uburenganzira umuryango w’Ubumwe bw’Afrika kugumiza abasirikare bawo ba Amisom bajejwe kubungabunga amahoro muri Somaliya kugeza kw’itariki ya 31 z’ukwezi kw’indwi.

Iyo ngingo yafashwe mugihe habikirindiriwe raporo kuri Somaliya izoshikirizwa ONU kw’itariki ya 15 z’ukwezi kwa gatandatu.

ONU yemeje kandi ko abasirikare ba Amisom Bagabanwa gushika ku bihumbi 20.626 gushika mu kwezi kwa cumi umwaka w'2018.

ONU ifise umugambi wo gukura abasirikare mvamakungu muri Somaliya gushika mu mwaka wa 2020. Ibihugu vyarungitseyo abasirikare arivyo Kenya,Uganda, Uburundi, Djibouti na Etiyopiya ntibishigikiye uwo mugambi.

Ivyo bihugu vyavuze mu kwezi kwa gatatu ko gukura abasirikare ba Amisom muri Somaliya bizosubiza inyuma intambwe zimaze gukorwa mu kurwanya abarwanyi ba Al Shabab.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG