Uko wahagera

Umubonano w’Abakuru b’ibihugu vya Amisom muri Uganda


Inama ya Amisom muri Djibouti
Inama ya Amisom muri Djibouti

Abakuru b’ibihugu vya Afrika bafise abasirikare mu nteko zo kugarukana umutekano muri Somaliya, AMISOM, bariteguriye guhurira muri Uganda mur’ ino ndwi guhera ku musi wa gatanu. Bitegekanijwe ko abo bategetsi bazoganira ku mugambi ukwiye mur’iki gihe mu kugerageza gukemura ibibazo vy’umutekano bihanze Somaliya.

Naho inteko za AMISOM zakemuye ibibazo bitari bike mur’ ico gihugu, abagwanyi ba al-Shabab barabandanya gutera ibibazo bikomeye mu gihugu mu gihe uburyo buke n’igitigiri kidakwiye c’abasirikare ba Amisom, bibandanya kugabanuka.

Mu myaka mike iheze, AMISOM yarashoboye kwomora abagwanyi ba al-Shabab, ibakura mu bisagara bikomakomeye, yongera ifasha reta ya Somaliya gutera intambwe nziza mu vyerekeye iterambere rirama.

Kubw’iyo mfashanyo mpuzamakungu, inzego zijejwe umutekano muri Somaliya zarashoboye gukomera kugeza aho ubu igihugu kiriko citegurira amatora y’umukuru w’igihugu mu mwaka w’i 2020.

Yamara, iyo ntambwe nziza irabangamiwe n’ukuba inteko zijejwe umutekano zidakwiye, hakaba ata buryo bukwiye buhari bwo kubandanya urugamba rwo ku gutuza al-Shaba n’ishami ry’abarwanyi b'umuhari w'iterabwoba wa reta ya Kiyisilamu mu buraruko bw’igihugu.

Twokwibutsa ko inyuma y’igihugu c’Ubuganda, Uburundi ni co gihugu gifise abasirikare benshi mu nteko za AMISOM zijejwe kugarukana amahoro muri Somaliya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG