Uko wahagera

AMISOM Itegekanya Kugabanya Abasirikare Bayo 1500 muri Somaliya.


Abasirikare ba AMISOM bava mu Burundi mu bikorwa vyo gukizura i Mogadishu muri Somaliya
Abasirikare ba AMISOM bava mu Burundi mu bikorwa vyo gukizura i Mogadishu muri Somaliya

Hasigaye umwaka umwe gusa mu gihe vyogenda uko umuryango w’ubumwe bw’Afrika ubiteganya abasirikare ba AMISOM 1500 bazogabanwa mu basirikare bari muri Somaliya.

Ingingo itoroshe kur’ico gihugu mu gihe gihanze amaso abasirikare mva makungu mu kubungabunga umutekano waco kandi bakanarwanya umuhari wa al-Shabab.

Ariko ivyo vyose bizovana n’uko abasirikare ba Somaliya bazoba bashoboye gucungera umutekano wa reta n’abanyagihugu babo ku bitero vy’abarwanyi ba al-Qaida.

Mu kwezi guheze, Ambasaderi wa Somaliya muri ONU, Abukar Osman, yabwiye akanama ka ONU kajejwe umutekano ko abasirikare ba Somaliya batiteguye gucungera umutekano w’igihugu bonyene. Avuga ko gukurayo abasirikare ba AMISOM kwoba ar’ugusiga igihugu mu kaga.

Ambasaderi wa Turukiya muri Somaliya, Olgan Bekar, yavuze ko reta yiwe yiteguye gufasha Abanyasomaliya kugarukana ubutegetsi no gutunganya ibihugu.

Mwomenya ko Turukiya mu mpera z’indwi iheze cuguruye ikigo ca gisirikare muri Somaliya kigamije guha imyimenyerezo abasirikare ba Somaliya kugira baze babashe kwigwanako.

Jeneral Hulusi Akar, i buryo, arongoye inteko za Turukiya muri Somaliya aha ibendera umusirikare wa Somaliya, ku kigo gitanga inyigisho za gisirikare i Mogadishu
Jeneral Hulusi Akar, i buryo, arongoye inteko za Turukiya muri Somaliya aha ibendera umusirikare wa Somaliya, ku kigo gitanga inyigisho za gisirikare i Mogadishu

Uganda, Uburundi, Kenya, Etiyopiya na Djibouti nivyo bihugu bifiseyo abasirikare bashika ibihumbi 22,000 mu rwego rwa AMISOM babashije kwirukana al-Shabab mu murwa mukuru Mogadishu no mu bindi bisagara.

Inyuma y’aho bitakarije abasirikare mur’urwo rugamba, ivyo bihugu vyamye bivuga ko hageze ko abasirikare bavyo batahuka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG