Uko wahagera

AMISOM Irakehaniwe Uburyo bw'Amafaranga


Abasirikare b'Abarundi bo mu ngabo za AMISOM muri Somaliya bakizura mu micungararo ya Mogadishu

Umuryango w’ubumwe bw’Afrika usaba imfashanyo y’amafaranga yihutirwa kugira ubashe kubandanya ibikorwa urimwo vyo kurwanya al shabab muri Somaliya no guha abajejwe umutekano muri Somaliya kwifatira mu minwe umutekano w’igihugu cabo.

Ivyo vyashikirijwe n’umukuru wa AMISOM, Francisco Madeira kur’uyu wa kane, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru i Nairobi muri Kenya.

Madeira aragabisha ko mu gihe bobura uburyo bw’amafaranga vyogira ingaruka mbi na cane cane mu bice bigaruriye babikuye mu minwe y’abansi.

AMISOM yavuze ko izotangura kugabanya abasirikare bayo muri Somaliya, ku buryo gushika mu mwaka w’2020 bose bazoba batashe. Umurwi wa mbere w’abasirikare b’Abaganda 28 baratahutse mu ntango z’uku kwezi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG