Uko wahagera

Willy Nyamitwe Agiye Guserukira Uburundi i Addis Abeba muri Etiyopiya


Willy Nyamitwe agiye guserukira Uburundi i Addis Abeba muri Etiyopiya
Willy Nyamitwe agiye guserukira Uburundi i Addis Abeba muri Etiyopiya

Willy Nyamitwe yari aherutse gutorwa nk’umukuru w’urwego rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi, CNC, akaba yahora atwara igisata kijejwe gutanga amakuru mu biro vya prezida w'Uburundi, agiye guserukira Uburundi I Addis Abeba ku murwa mukuru wa Etiyopiya.

Amakuru Ijwi ry’Amerika rikesha amasoko yizewe y’abegereye ibiro vy’umukuru w’igihugu c'Uburundi yemeza ko Nyamitwe agiye gutangura amabanga yiwe vuba cane.

Ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Ambassadeur Nyamitwe yatangaje ano makuru agira ati:" Ndashimiye urwego CNC ku mwanya twamaranye n’ibikorwa twakoreye hamwe. Ngiye kubandaniriza mu vya diplomatie. Nta majambo noronka yo gushimira umukuru w’igihugu ku cizere amfitiye.” Ntiyigeze ariko atomora iyo aroye.

Amasoko y’Ijwi ry’Amerika yegereye ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi yasesanguye ivy’igenwa rya Nyamitwe mu kibanza ca Ambasaderi w’Uburundi I Addis Abeba, yavuze ko ino dosiye igoye gutahura : “ I Addis bakimara kwemeza Nyamitwe ko yoja guserukirayo Uburundi, abagize CNC bahamagajwe gihutihuti basabwa gutora umukuru w’urwo rwego, ari nako guca hatorwa Nyamitwe ku wa kane w’indwi iheze.”

Isoko ryizewe riri mu bo Ijwi ry’Amerika rikesha ano makuru, ryabandanije risigura rigira riti: “ Abagize CNC erega baje mu nama bataniteguye! Bashitse basabwa gutora bidatevye! Urumva rero, biboneka ko uyu mukino ari uw’impande zibiri z’ ibihangange bikomeye mu mugambwe: Rumwe muri urwo ruhande rwari rwifuza ko Nyamitwe aguma mu Burundi, urundi narwo ahubwo rukamwifuriza ko aja kubandaniriza ahandi mu vya diplomatie.”

Atorwa nk’umukuru wa CNC isoko ry’Ijwi ry’Amerika rirabandanya rikemeza ko mu mugambwe CNDD-FDD hari abatari bipfuza ko aja muri ico kibanza, ari naho “havuye imvo nyamkuru yo gucereza inama yari igamije kumutora nk'umukuru wa CNC.”

Willy Naymitwe mu mwanya muto yari amaze mu kibanza c’umukuru wa CNC yari yasavye ibimenyeshamakuru bitandukanye bifitaniye ikibazo n’urwo rwego kurwitura bakaraba uko bikemurwa mu maguru masha. Mu gatondo k’uno wa kabiri, yari yavuze ko hari bamwe mu bo baja batanguye kubonana.

Akigenwa nk’umukuru wa CNC ku wa Kane w'indwi iheze, Ijwi ry’Amerika ryamubajije niba dosiye y’iyugarwa za FM z’iyo radiyo mpuzamakungu iri mu zo ategekanya kuzokorerako. Naho atashimye ko amajwi yiwe afatwa n’iradiyo “igifitaniye ibibazo n’Uburundi", yari yijeje ko iki kibazo kiri ku rutonde rw’ivyo CNC izokorerako. Ico gihe yagize ati “N’ejo mushatse dutangure ibiganiro”. Amasoko y'Ijwi ry'Amerika yegereye ibiro vy’umukuru w’igihugu c'Uburundi na CNC akavuga ko ino dosiye ya VOA ishobora kuzoba iri mu vyo Ambasaderi Nyamitwe azosigira uwuzomusubirira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG