Uko wahagera

Burundi: Willy Nyamitwe Yatowe nk'Umukuru w'Urwego CNC


Ambasaderi Willy Nyamitwe
Ambasaderi Willy Nyamitwe

Ambasaderi Willy Nyamitwe yahoze atwara igisata kijejwe gutanga amakuru mu biro vya prezida w'Uburundi, kuva kuri uno wa kane ni we aramutswa urwego rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi, CNC.

Nyamitwe yahawe amajwi n’abagize urwo rwego uko ari 13 ata n’umwe avuyemwo. Abagize CNC 13 bose batoye kandi Chanel Nsabimbona yahoze atwara Radiyo na Tereviziyo vy’Uburundi, RTNB, nk’umunyamabanga nshingwabikorwa wa CNC.

Willy Nyamitwe agenywe mu mabanga yo gutwara CNC mu gihe yari aheruka kwemezwa n’inama nkenguzamateka y’Uburundi nk’umwe mu bashobora kuja guserukira Uburundi mu makungu. Acemezwa na Sena mu mpera z’ukwezi kwa cumi, bamwe mu bakurikira hagufi politike y’Uburundi banuganuga ko ashobobora kurungikwa i Addis Abeba ku murwa mukuru wa Etiyopiya canke i Kinshasa.

Mu kiganiro kigufi Nyamitwe yagiranye n'Ijwi ry’Amerika kuri terefone ntashime ko amajwi afatwa, yavuze ko kuvugira kw’Ijwi ry’Amerika vyoba ari nko gusenyura ivyasizwe na CNC yahahora, kuko ari yo yafatiye ibihano iyo Radiyo mpuzamakungu.

Muri ico kiganiro kigufi yasiguye ko ikibazo c’iyugarwa za FM z’Ijwi ry’Amerika mu Burundi kiri mu bibazo CNC izokwicarira muri kazoza ka hagufi agira ati : “N’ejo mushatse dutangure ibiganiro”.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG