Abashika Batandatu Bishwe Barashwe muri Californiya. Abimukira Hafi 100 Barapfiriye muri Mediterane ku musi wa gatandatu. Reta zunze ubumwe za Amerika Yagiriza Uburusiya Ubwicanyi bw’agahomerabunwa muri Ukraine.
Iwanyu mu Ntara (1100-1130UTC): Ni ikiganiro c’umwihariko, gishimikira ku makuru avugwa mu ntara zitandukanye z’Uburundi n’u Rwanda, kidasize inyuma ayavugwa mu makambi yahungiyemwo impunzi z’Abarundi muri Afurika y’ibiyaga binini n’Afurika y’ubuseruko.
Mu kiganiro, Murisanga, c’uyu musi, turavuga ku mirwi y’amakipe nserukiragihugu aturuka mu migabane itandukanye igize isi arimwo mu gikombe c’isi yose c’uyu mwaka kizobera muri Qatar mu kwezi kw’icumi na rimwe.
Urukiko rw’Ubujurire rwagumishijeho igifungo cy’imyaka 25 cyari cyakatiwe Rusesabagina Paul kubera uruhare mu bikorwa by’iterabwoba mu gihe Nsabimana Callixte ‘Sankara’ yagabanyirijwe igihano avanwa ku myaka 20, ahanishwa 15.
Amakuru ku Mugoroba (1730-1800 UTC): Amakuru ashyushye yo mu Rwanda, mu Burundi, muri Afurika no hirya no hino kw’isi. Aha tubaha n’ubusesenguzi ndetse n’ibisobanuro byihariye ku makuru agezweho.