Perezida Joe Biden Asaba ko Perezida Putin aburanishwaku vyaha vyo mu ntambara. Afrika y'Epfo yahagaritse amategeko yari yashizeho yo gukumira Covid-19
Iwanyu mu Ntara (1100-1130UTC): Umuryango wa Paul Riusesabagina, uramutabariza. Uvuga yagize ikibazo cy’imitsi y’ubwonko ( AVC). Ubwongereza, buritegugura kwohereza abasaba ubuhungiro mu Rwanda, bukishyura icyo gihugu za miliyoni z’Amapaundi
Murisanga (1400-1500 UTC): Mu kiganiro Murisanga dukomeje kubatumirira urundi rubyiruko kugirango mwungurane inama n’ibitekerezo. Uyu munsi twabatumiriye Muheto Nshuti Divine w’imyaka 19 y’amavuko, uherutse kwegukana ikamba mw’irushanwa rya Nyampinga w’u Rwanda 2022
Inzego zishinzwe umutekano mu Burundi zataye muri yombi abapasiteri bakekwaho kubeshya abantu bakabatwara amafranga. Muri Sudani, abaturage batangiye kumva inzara kubera ikurwaho ry’ubutegetsi mu kwezi kwa cumi k’umwaka ushize.
Abasirikare ba Reta ya Mali n'abikekwa ko ari abacangero b'abarusiya bagirizwa ko bagandaguye abagabo b'abasivile bagera ku 300 mu mpera z’ukwezi gushize. Mu Burundi, amafaranga y'amarundi arenga umuliyaridi umwe ni yo yafatanywe abantu batatu harimwo abapasitori