Reta ya Kongo ivuga ko M23 Yishe abasivile 50 mu buseruko bw’igihugu. Prezida Biden yemeye ko yiteguye kuganira na Prezida Poutine ku kurangiza intambara muri Ukraine. Reta ya Somaliya itangaza ko yishe aba al shabab 40.
Iwanyu mu Ntara (1100-1130UTC): Ni ikiganiro c’umwihariko, gishimikira ku makuru avugwa mu ntara zitandukanye z’Uburundi n’u Rwanda, kidasize inyuma ayavugwa mu makambi yahungiyemwo impunzi z’Abarundi muri Afurika y’ibiyaga binini n’Afurika y’ubuseruko.
Taliki ya mbere uku kwezi wari umunsi mpuzamahanga ngarukamwaka wo kuzirikana indwara ya Sida. Uyu munsi wasanze abanduye Virusi iyitera bakirwa bate mu muryango mugali? Wowe ubona ikinegu cyangwa akato abayanduye bahabwaga mu myaka yo hambere bigihari?
Urukiko rwisumbuye rwa Nyarugenge rwatesheje agaciro ikirego cy’ubushinjacyaha, rugira umwere Bwana Dieudonne Ishimwe uzwi nka Prince Kid. Uganda yasezerereye umurwayi wa nyuma wari uzwiho indwara ya Ebola. Abasivile barenga 8 bapfiriye mu mirwano yabereye muri teritware ya Masisi
Abaserukira Abanyamulenge bivanye mu biganiro vya Nairobi. Abasivile barenga 8 bapfiriye mu mirwano muri teritware ya Masisi intara ya Kivu ya ruguru.Perezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, yatangaje uyu munsi ku wa gatanu ko yiteguye ibiganiro ku byerekeye Ukraine