gahunda y'itangazamakuru
Dusangire Ijambo
Mu Gisagara ca Bujumbura no hagati mu Burundi hamaze iminsi hibonekeza umutekano muke. Intandaro ni abantu bataramenyekana batera amagerenade mu bibanza bihurirwamwo n’abantu benshi. Reta yagiriza bamwe mu batavuga rumwe na yo kuba bari inyuma y’ivyo bitero. Aba nabo barabihakana ahubwo bakikeka ko ari bamwe mu bagize inzego za reta bashaka kuburabuza ubutegetsi bwa Perezida Evariste Ndayishimiye. Ico bikoze, bamwe mu banyagihugu baganiriye n’Ijwi ry’Amerika bemeza ko bafise ubwoba kubera ivyo bitero, ndetse bakavuga ko hari ibikorwa vyo ku mugoroba bahevye ku gutinyira umutekano wabo.
Amakuru y'Ijwi ry'Amerika yo ku wa 10/10/2021
Ingingo nkuru zigize amakuru yo kuri uno mugoroba: Mu Rwanda, ikigo kijejwe kwitaho amagara y’abantu, RBC, cemeza ko umwana umwe mu bana 10 bafise hagati y’imyaka 14 na 18, aba afise ikibazo co mu mutwe. Mu Burundi, amashirahamwe yigenga ntiyakiriye co kimwe ingingo ya ONU yo guhagarika umurwi wayo wari umaze imyaka 5 ukora amatohoza ajanye n’ivy’agateka ka zina muntu. Irya n’ino kw’isi: Sosiyete ya Moderna yagirizwa kwirengagiza ibihugu bikenye mu gutanga incanco za Covid-19.