CPI Yahagaritse umutahe ku wahoze mu butegetsi bwa Kadafi. Prezida wa Mozambike yavuze ko abarobeli bishe abantu batandatu babaciye imitwe. Prezida Putine na Xi Jinping bategekanye guhura mu ndwi iza muri Uzbekistani
Muri Repubulika ya demokarasi ya kongo muri Teritwari ya Masisi haravugwa intambara ikomeye hagati y’imitwe yitwaje inwaro ya NDC -NDIMENDIME ya Gidosh Malai na APCLS ya Janvier Karairi mu karere ka Ngululu.
Muri Murisanga y'uno munsi turiko tugaruka kw'ikomborwa rya Alain Guillaume Bunyoni mu ma banga y'umushikiranganji wa mbere w'Uburundi, n'isubirizwa ryiwe na Gervais Ndirakobuca. Hari ikibazo ufise ubaza canke intererano widuha nimero ya we tukaguhamagara
Mu Burundi, umushikiranganji wa mbere mushasha Gervais Ndirakobuca yinjiye mu mabanga kuri uyu wa kane ku kagoroba. Umunyapolitike Vital Kamerhe, ategerejwe mu mujyi wa Goma. Umwamikazi w'Ubwongereza araremvye.
Umwamikazi w'Ubwongereza Elizabeti wa kabiri yitavye Imana.Yari afite imyaka 96 y'amavuko. Reta y’igihugu ca Gambiya irimo gusuzuma niba hari isano hagati y’impfu z’abana n’umuti wa paracetamol y’umushongi bahawe.