Radio
Iwanyu mu ntara
Abaperezida b'u Rwanda na Republika ya demokarasi ya Kongo barahurira i Luanda kuri uyu wa gatatu. Abantu barenga 16 bishwe n’imvura mu mujyi wa Kamituga, mu ntara ya Kivu y’Epfo. Mu Burundi, igipolisi cyaraye cyerekanye umunyamakuru Misago Jérémie wari waraburiwe irengero mu cyumweru gishize
Amakuru y'Akarere
Muri Kongo, abarwanyi ba M23 babandanya gusatira akarere ka Masisi. Amerika ishimangira ko ihagarikwa ry’ingwano muri Etiyopiya ribwirizwa kubahirizwa. Ku munsi wa Kane w’igikombe c’isi, umukino wahuje Maroke na Korowasiya wabimburiye indi, warangiye ari 0-0. Ubuyapani bwo bwatsinze Ubudage 2-1.
Amakuru ku Mugoroba
Umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi wemeza hari abafungiwe ubusa. Muri Angola, harabera inama yo gusuzuma ikibazo cy'imirwano mu burasirazuba bwa Kongo.Mu mikino y'igikombe cy'isi, Ubuyapani bwatunguye Ubudage bubutsinda 2-1, Maroke na Korowasiya byanganije 0-0.