Amerika yongereje gushika ku miriyoni zibiri agashimwe kazohabwa abazokwerekana abategetsi batatu ba Al Shabab irondera. Irani irabandanya irondera kwica babiri bahoze muri reta ya Donald Trump mu kwihora umukomanda wa Irani yishwe na Amerika.
Iwanyu mu Ntara (1100-1130UTC): Ni ikiganiro c’umwihariko, gishimikira ku makuru avugwa mu ntara zitandukanye z’Uburundi n’u Rwanda, kidasize inyuma ayavugwa mu makambi yahungiyemwo impunzi z’Abarundi muri Afurika y’ibiyaga binini n’Afurika y’ubuseruko.
Mu kiganiro Murisanga turaganira na Karateka Ingabire Gashagaza Solange. Ni umubyeyi akaba afite umukandara w’umukara Dan ya mbere… Yashinze ishuri rya Karate. Ni akahe kamaro k’iyi siporo? Ni uwuhe mwihariko wayo ku bagore n’abakobwa?
Uhuru Kenyatta wahoze ari perezida wa Kenya ari muri Kongo mu rwego rwo kugerageza gushakisha ibiganiro by’amahoro hagati ya leta n’umutwe wa 23. Inama mpuzamakungu ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi yatoye ingingo yo kwongereza ikiringo c’inteko za ONU muri Santrafrika:
Ingabo za Leta ya Repubulika ya Demokarasi ya Kongo (FARDC) zigaruriye umujyi wa Kabuganga wari uhrutse Gufatwa n'inyeshyamba za M23 Urwego rwasigariyeho kurangiza imanza zasizwe n’inkiko mpuzamahanga rwasubukuye iburanisha mu rubanza ruregwamo umunyemari Felisiyani Kabuga.