Netanyahu muri iki gihe afise indwi zitandatu kugira ashireho Reta y’urunani. Niyo yabishikako, azoca atangura ikiringo ciwe kigira gatatu mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere.
Prezida Hollande yabwiye abantu bariko bamukomera amashi ku murwa mukuru wa Mali, Bamako kw’inteko z’Ubufransa zagwanye kugira AbanyaMali babeho mu mahoro, bongere bagire demokrasi.
Ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati bw’igihugu ca Mexique n’isosiyete Pemex vyaremeje abahasize agatwe n’abakomeretse
Igihe abashingamateka bariko bamubaza ibibazo vy’ukuraba ko yokwemezwa, Hagel yabwiye umurwi ujejwe ivyerekeye igisirikare muri Senat ya Amerika ko batofata ingingo za gihutihuti, kw’ahubwo bokwihweza ivyo yakoze vyose mu buzima bwiwe.
Yamara Traore yabwiye Iradiyo yo mu Bufransa ejo ku musi wa kane kw’ashobora kwiyumira guhura n’abarwanya ubutegetsi bo mu bwoko bw’Aba Tuaregs bo mu murwi, MNLA
Amakuru yerekeye ivyo bitero vy’indege z’ingwano aratandukanye, igihugu ca Israel kikaba ataco cavuze ku ngingo cafashe.
Motsepe afise Isosiyete icukura ubutare, “African Rainbow Minerals”, yatangaje kw’azoha igice c’amatungo yiwe, ishirahamwe rijejwe gufasha, “ Motsepe Foundation”, Motsepe n’umupfasoni wiwe bashinze mu mwaka w’1999
Abo barwanyi ntibivunye igihe inteko z’igihugu c’Ubufransa n’inteko z’igihugu ca Mali zashika ku kibuga c’indege co mu gisagara ca Kidal
Inteko za Reta y’igihugu ca Syria n’abagwanya ubutegetsi bose bagirijwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu ko bakora ubwicanyi bukanije mu ngwano mu gihugu ca Syria.
Itangazo ku kibanza ca internet c’umurwi al-Shabab, ryamenyesheje kw’ico gitero ca bombe cahitanye abajejwe umutekano indwi.
Ivyabona batangaje kw’abasirikare b’igihugu ca Mali baroreye mu gihe abantu bariiko basahura ibintu nka vyose bashobora guterura n’ugutwara
Abategetsi b’igihugu ca Brezil batangaje kw’umuriro wadutse mu gutondo c’ejo ku musi w’Imana mu kibanza abantu batambiramwo kizwe lkw’izirwa rya, ‘Kiss”,
Abantu umuliyoni n’ibihumbi ijana canke barenga baragandaguwe mu kibanza ca Auschwitz, benshi muribo Abayahudi.
Inteko z’igihugu c’Ubufransa n’igihugu ca Mali zasubiye gufata ico gisagara ku musi wa gatandatu
Umurwi Al- Shaba, waraye ugabishije kw’uzokwica AbanyaKenya wagize imbohe.
Prezida Obama yarahiye icese ejo ku musi wa mbere ku ngazi z’inyubakwa y’inama nshingamateka mu gihe abantu ibihumbi amajana n’amajana bakoraniye mu kibanza ca Mall cegereye ahabereye ibirori vy’ukurahira,
Prezida Obama n’umupfasoni wiwe, Michelle Obama barafashije gusukura ishule ntoyi mu gisagara ca Washington, mu biri mu bikorwa bitari bike vy’ugufasha abandi vyateguwe n’urwego rujejwe ibirori vy’ukurahira kwa prezida Obama.
Mali birungika inteko ibihumbi bitatu canke zirenga muri Mali, inyuma yuko Ubufransa burungitse inteko muri ico gihugu haraheze hafi y’indwi guhagarika abagwanyi b’abaIslamu bigaruriye uburaruko bw’igihugu
Inteko zijejwe umutekano zashoboye kubohoza abanyamahanga ijana n’indwi bari bagizwe imbohe n’AbanyaAlgeria amajana atandatu na mirongo umunani na batanu.
Ubufransa buriko burongereza inteko zabwo mu gihugu ca Mali, aho buriko burungika ibimodoka vya blinde, bukogera bukaba buriko bugira ibitero vy’indege z’ingwano ku bagwanyi mu gihugu ca Mali.
Voma ibindi