Uko wahagera

Umushikiranganji wa Mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu Yasabwe Gushiraho Reta Nshasha


Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu
Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu
Prezida w’igihugu ca Israel yasavye umushikiranganji wa mbere, Benjamin Netanyahu, gushiraho Reta nshasha, inyuma yuko avuganye n’imigambwe yose uko ari cumi n’ibiri yatsindiye ibibanza, mu matora yabaye mu ndwi iheze.

Netanyahu, muri iki gihe afise indwi zitandatu, kugira ashireho Reta y’urunani. Niyo yabishikako, azoca atangura ikiringo ciwe kigira gatatu, mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere.

Mw’ijambo yashikirije, ejo ku musi wa gatandatu, Nrtanyahu yarasubiye kuvuga kw’ikintu Reta yiwe izoshimikirako kurusha ibindi, kuzoba gutuma igihugu ca Irani kidakora ibigwanisho ruhonyanganda.

Yongeye kandi avuga kw’azoshiraho Reta ihurikiyemwo impande zose zishoboka, akaba yasavye imigambwe itavuga rumwe na Reta kuja, muri Reta yiwe y’utrunani.

Bitegekanijwe kw’ibiganiro icese vy’ugushiraho Reta y’ubumwe bitangura, uno musi ku w’Imana.
XS
SM
MD
LG